Uko wahagera

Mu Burundi Hagiye Kwubakwa Ikigo Kivurirwamwo Canceri


Thadee Ndikumana Umushikiranganji w'amagara y'abantu
Thadee Ndikumana Umushikiranganji w'amagara y'abantu

Mu Burundi hagiye kwubakwa ikigo c'akarorero kizopima kikongera kikavura abarwaye ingwara za cancer. Ivyo vyatangajwe n'umushikiranganji w'amagara y'abantu kuri uyu mugoroba igihe yabonana n'abafasha mu gisata c'amagara y'abantu bazofata mu mugongo uwo mugambi.

Muganga Thaddee Ndikumana yavuze ko baba abarwayi bo mu bitaro vya Reta bikuru bikuru, bito bito n'ivy'abigenga bafise imigera ya cancer bazohora bavurirwa mu kigo c'igihugu kijejwe amagara y'abanyagihugu INSP ahagiye kwubakwa ico kigo.

Iki kigo ciyumviriwe n’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu bari kumwe n’abahinga b’Abarundi bari kumwe n’abari mw’ishirahamwe ry’abakize ingwara za cancer. Umushikiranganji w’amagara y’abantu yavuze ko mu Burundi uko imyaka igenda haguma haboneka abantu benshi bandura imigera ya cancer ari nayo mpamvu uwo mugambi wiyumvuriwe.

Ikigo kizubakwa kizotwara imiriyoni 50 z’amadolari y’Abanyamerika. Kizoba kijejwe gupima, gusuzuma no kuvura cancer. Ikigo co kuvura cancer kigiye kwubakwa mu Burundi kizoba gisa n’ibindi bigo bizwi cane mu bihugu vya Tanzaniya, Nijeri, Ubuganda na Gabon.

Abarundi mu karere bari bakunze cane kuja kwivuza iyo ngwara muri Kenya ku bafise amikoro menshi mu gihe abafise uburyo bubayabaye baja ku bitaro vy’ahitwa Butaro mu Rwanda ku bitaro bifashwe mu mugongo n’Abanyamerika.

Inkuru ya Eloge Willy Kaneza akorera Ijwi ry'Amerika i Nairobi muri Kenya

Mu Burundi Hagiye Kwubakwa Ikigo Kivurirwamwo Canceri
please wait

No media source currently available

0:00 0:04:05 0:00


Facebook Forum

XS
SM
MD
LG