Uko wahagera

Ubulaya Bwipfuza ko Ubumwe bwa Afrika Bwumvikanisha Abarundi


Shanseliye w'Ubudagi, Angela Merkel, hagati, aramutsa Perezida wa Cote d'Ivuware Alassane Ouattara, agira kabiri i bubamfu, na Perezida wa Guinée na Perezida w'Ubumwe bw'Afrika Alpha Conde.
Shanseliye w'Ubudagi, Angela Merkel, hagati, aramutsa Perezida wa Cote d'Ivuware Alassane Ouattara, agira kabiri i bubamfu, na Perezida wa Guinée na Perezida w'Ubumwe bw'Afrika Alpha Conde.

Ikibazo c’ibiganiro bihuza Abarundi gishobora kuva mu minwe y’Akarere ka EA.C. kigafatwa mu ntoke n’Ubumwe bw’Afrika.

Ni ko Intumwa z’Ubumwe bwa Bulaya mu karere ka Afrika y’ubuseruko hamwe n’igice c’Ihembe rya Afrika zifuza, kugira hasubire gutangwa imfashanyo zigenewe ibiganiro.

Ivyo vyavugiwe mu nama yar’imaze indwi ibera i Kampala mu gihugu c’Ubuganda, ihuza imiryango mpuzamakungu yitaho ikibazo c’Uburundi.

N’inkuru y’umumenyeshamakuru w’Ijwi rya Amerika, Pierre Claver Niyonkuru, ari i Arusha mu gihugu ca Tanzania

please wait

No media source currently available

0:00 0:03:10 0:00

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG