Uko wahagera

Uruhara rwa ONU muri Haiti Ruteye Amakenga


Abasinzikajwe n'ikiza ca korera muri Haiti
Abasinzikajwe n'ikiza ca korera muri Haiti

Umuhinga yigenga mw’Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU, Philip Alston, atuma urutoke amakungu kubona yarananiwe kwemera uruhara rwayo mu vy’amategeko, ku bijanye n’ikiza ca korera mu gihugu ca Haiti. Ico kiza cahitanye abantu bashika ku 9300, kigasinzikaza abashika ku bihumbi amajana umunani.

Alston, asanzwe ar’umuhinga mu bijanye n’ubukene hamwe n’agateka ka zina muntu, avuga ko biteye isoni kubona ONU ataco yakoze.

Abakozi b’Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU bamenyesha ko ikiza gikomeye ca korera cadutse muri Haiti inyuma y’aho cinyamugigima gisenyuriye inzuzi, amazi y’umucafu akisesa, mu mwaka w’2010. Gushika ubu muri Haiti, abashika ku majana atanu barandura indwara ya korera ku ndwi.

Umunyamabanga Mukuru wa ONU, Ban Ki-Moon yatangaje ko ONU yitwararitse ibijanye n’ico kiza ca Korera, amenyesha ko har’imfashanyo ingana n’imiliyoni amajana abiri z’amadolari, yo gufashisha imiryango yasinzikaye. Hakaba kandi n’imiliyoni amajana abiri z’amadolari azoba agenewe kugwanya Korera no gusanura ivyasambuwe na nyamugigima.

Yamara Ban Ki-Moon co kimwe n’abandi bategetsi bakorera ONU, babihanuwe n’abashikirizamaza babo, barahakana ko ata ruhara muvy’amategeko bafise mur’ico gikorwa.

XS
SM
MD
LG