Uko wahagera

Ihagarikwa ry’Akazi ryatumweko n’AmaSyndicat y’Abakozi, Ritegekanjwe ku musi wa Kabiri


Ihagarikwa ry’akazi ryatumweko n’amashirahamwe y’abakozi, rizoba ku musi wa kabiri.

Kiretse igihe reta y’Uburundi yokwisubirako, ikagabanya ibiciro vy’amazi n’amatara, ikongera igatangaza ingingo ivuga kw’abategetsi bo hejuru gushika ubu, badatanga ikori, batangura gutanga amafaranga y’ikori, nk’uko abandi banyagihugu babigira.

Tharcisse Gahungu, arongoye urunani rw’amasyndicat ashika 35 yo mu Burundi yabwiye Frederic Nkundikije, kw’iryo hagarikwa ry’akazi, rifise umugambi wo gucira agace reta, kw’abakozi batazokwihanganira iduzwa ry’ibidandazwa vya ngombwa, mu gihe reta itariko irakora ibishobotse vyose kugira ngo, umwimbu uvuye mu makori y’abategetsi bo hejuru utangure kwinjira mu kigega ca Reta, rizoba ku musi wa kabiri, kiretse reta yisubiyeko kur’izo ngingo:

Tega amatwi ico kiganiro.

XS
SM
MD
LG