Uko wahagera

Igisasu Cakomerekeje Abantu 6 Muri Somaliya


Igipolisi mu karere ka Beledweyne kimenyesha kw’abantu batandatu harimwo inteko z’umuryango w’ubumwe bwa Afrika babiri bakomeretse kuri uno wa mbere igihe igisasu cyaturika ku kibuga c’indege co mu gisagara ca Beledweyne, mu gihugu cya Somaliya.

Mu kiganiro n’Ijwi rya Amerika, umutegetsi mukuru w’igipolisi mu karere ka Beledweyne, Colonel Ali Bhuh Abdi avuga ko icyo gisasu cyaturikiye ku rwinjiriro rw’ikibuga c’indege co mu gisagara ca Beledweyne.

Amenyesha kw’abategetsi bajejwe umutekano batoye buno nyene iyindi bombe.

Colonel Abdi avuga kw’igipolisi cafashe abantu mirongo ibiri bikekwa ku bijanye n’ico gitero ca bombe.

Avuga kw’ico gitero gisa n’icabaye mu kwezi guheze igihe bombe yaturikira mu ndege itwara abantu y’ishirahamwe Daallo yari igiye mu gihugu ca Djibouti.

Umurwi Al-Shabab wariyitiriye ico gitero.

Yamara nta numwe ariyitirira igitero ca bombe mu gisagara ca Beledweyne

XS
SM
MD
LG