Uko wahagera

Ibiharuro Bishasha ku Rugero rw’Ubushomeri muri Amerika n’Amatora yo muri uyu Mwaka.


Yamara ibitigiri vy’abatagira akazi biracari hejuru cane

Ibiharuro bishasha ku bushomeri muri Amerika vyasohotse, ku musi wa gatanu w’indwi iheze, vyerekanye kw’urugero rw’ubushomeri ruriko ruragabanuka muri Amerika.

Ivyo bibonwa kw’ari ibintu bishobora gufasha prezida Barack Obama gusubira gutorwa mu mabanga y’ukuyobora Amerika.

Yamara ibitigiri vy’abatagira akazi biracari hejuru cane. Igihambaye, yamara, n’ukugene ibintu bibandanya bitera imbere. Mu gihe urugero rw’ubushomeri rutera rugabanuka, bituma abantu bagira icizere muribo, bakumva kw’intumbero ari nziza.

XS
SM
MD
LG