Uko wahagera

Hosni Mubarak Yahoze ari Prezida w’Igihugu ca Misiri, Yarasubijwe mu Munyororo Avanywe mu Bitaro vy’Igisirikare

  • VOA

Hosni Mubarak yajanywe mu bitaro inyuma yuko agize ibibazo vy’amagara incuro zitari nke.

Umushikirizamanza mukuru w’igihugu ca Misiri, yategetse ejo ku musi wa mbere Mubarak kugarukanwa mu munyororo hafi y’ukwezi, inyuma yuko ajanywe mu bitaro vy’igisirikare ku murwa mukuru w’igihugu ca Misiri, Cairo.

Mubarak muri iki gihe afise imyaka mirongo umunani n’ine, yaciriwe gupfungwa ubuzima bwiwe bwose kubera atahagaritse ubwicanyi bwagizwe ku basivile, mu mugumuko wabaye mu mwaka uheze, warangije intwaro yiwe yari imaze imyaka mirongo itatu.

Hosni Mubarak yajanywe mu bitaro, inyuma yuko agize ibibazo vy’amagara, incuro zitari nke.

XS
SM
MD
LG