Uko wahagera

Ingwano Ikomeye Iriko Irabandanya mu Gisagara ca Abidjan


Inteko zishigikiye Ouattara zarafashe mu kiringo gitoyi Televiziyo ya Leta ku musi wa gatanu

Ingwano y’ukwigarurira Abidjan, igisagara gikomeye c’igihugu ca Cote d’Ivoire irabandanya, mu gihe inteko zishigikiye prezida yanse kuva ku butegetsi, Laurent Gbagbo zibandanya kwivuna bikomeye. Abanyagihugu n’abamenyeshamakuru baba mu gisagara ca Abidjan no mu micungararo yaco bavuzeko inkoho na za mortiers vyasanye ejo ku musi wa gatandatu, igihe inteko zishigikiye prezida yemewe n’amakungu Alassane Ouattara zariko zitera zigira intambwe mu gisagara ca Abidjan.

Inteko zishigikiye Ouattara zarafashe mu kiringo gitoyi Televiziyo ya Leta ku musi wa gatanu, mu vyatumye ihagarika gushikiriza ibiganiro vyayo. Yamara ejo ku musi wa gatandatu, inteko zishigikiye Laurent Gbagbo zarasubiye kuyigarurira, zikaba zayikoresheje mu kamo k’ururondera abanywanyi bashasha.

Damane Picasse ashigikiye Gbagbo yasavye abantu bose baba mu bice vya Cocody na Yopougon, abagabo, abagore n’abana gukingira ubutegetsi bwa prezida Gbagbo.

Ishirahamwe mpuzamakungu O-N-U, ryatangaje ko inteko zishigikiye Gbagbo zarashe ku nteko zaryo zijejwe gucungera umutekano ejo ku musi wa gatandatu, aho inteko zijejwe gucungera umutekano zine zakomeretse bikomeye.

Muri ico gihe amashirahamwe ajejwe guharanira agateka ka muntu, ariko asaba impande zose kwihangana inyuma y’amakuru avuga ko abantu amajana n’amajana bishwe ku musi wa kabiri uheze mu gisagara ca Duekoue mu burengero bw’igihugu ca Cote d’Ivoire.

Ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe gutabara, Corix Rouge, ryatangaje ejo ku musi wa gatandatu ko abantu amajana umunani canke barenga bagandaguwe, mu gihe ishirahamwe rijejwe gutabara, Caritas rivuga ko abamaze kwicwa bagera ku gihumbi.

XS
SM
MD
LG