Uko wahagera

Ebola Yatandukiriye Igisagara ca Mbandaka muri Kongo


Ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y'abantu kw'isi, OMS, ritangaza ko ingwara ya Ebola yatandukiriye igisagara ca Mbandaka inyuma yaho ihitanye abagera kuri 17 muri 27 bagaragaje ibimenyesto vyayo mu karere ka Bikoro kari mu ntara ya Equateur haraheze iminsi.

OMS yavuze ko ifise amakenga yuko Ebola ishobora kwunyuka gusumba muri Kongo.

Igisagara ca Mbandaka catandukiriwe na Ebola kiri mu ntara ya Equateur iherereye mu buraruko bushira uburengero bwa Kongo, kibamwo abantu barenga umuriyoni umwe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG