Uko wahagera

Ikibazo C'Ibiturire Mu Burundi Carabaye Ndanse


Ines Nkanira na Alain Ndayishimiye
Ines Nkanira na Alain Ndayishimiye

Imigambi mishasha yo kugwanya ibiturire yama yatangajwe n'Ubutegetsi bushasha, ntibuza ko kurya ibiturire vyiyongera.

Uko, ubutegetsi bushasha bubonetse mu Burundi, ikibazo ca ruswa cama cashizwe ku rutonde rwa mbere rw’ibintu reta nshasha, izokwicarira: Yamara ivyo ntibubuza kw’uko, imisi igenda irahera, ico kibazo gihinduka ingorabahizi, gushika aho ibiro bigenwa na reta mu mugambi wo gutuza abarya ibiturire hamwe n’abanyuruza umutungo w’igihugu, birangiza amabanga yavyo ata kintu kinini gikozwe.

Ishirahamwe rijejwe kugwanya ba kaboko mu Burundi, Olucome, ryama ryasemereye, ariko, bisa n’uko ritumvirwa: Mbega ikintu cohindura imitima y’abategetsi hamwe n’abatwarwa kugira ngo bumve ko mu gihe cose ibiturire biriko bishirwa imbere, igihugu n’abanyagihugu baba bariko barasubizwa inyuma, coba ikihe?

Mu kiganiro cacu cerekeye ivyiyumviro duhabwa n’abanywanyi b’iradiyo Ijwi rya Amerika, umukuru w’ishirahamwe Olucome rijejwe kugwanya ibiturire, Gabriel Rufyiri, yarishuye ibibazo vya Ines Nkanira hamwe na Alain Ndayishimiye, bari mu rwaruka rufise imigambi yo kwubaka Ubrundi, butavugwamwo ibiturire na ruswa, mu kiganrio cari gihagarariwe na Frederic Nkundikije:

Reka dutangure dutege amatwi Gabriel Rufyiri, atangure atubwira ukuntu ikibazo co kurya n’ibiturire cifashe mu Burundi:
Tumutege amatwi:

please wait

No media source currently available

0:00 0:16:16 0:00
Ibishamikiyeho
XS
SM
MD
LG