Uko wahagera

Raporo y’Urunani rw’Imigambwe itavuga rumwe na Reta ADC-Ikibiri


Mu kiganiro, Léonce Ngendakumana, arongoye urunani ADC-Ikibiri aherutse guaha abamenyeshamakuru, yatanze ido n’ido ry’ibitigiri vy’abatavuga rumwe na reta bagandaguwe mu mezi atanu arangiye.

Mu Burundi raporo y’urunani rw’imigambwe itavuga rumwe na reta y’amezi atanu, irangira ivuga ko abantu amajana atatu bishwe, amajana indwi bagapfungwa, kubera ko batavuga rumwe na reta. Umukuru w’urunani ADC-Ikibiri, rutavuga rumwe na reta, yaraye ahaye ikiganiro abamenyeshamakuru

Muri ico kiganiro, Léonce Ngendakumana, arongoye urunani ADC-Ikibiri rutavuga rumwe na reta, yabwiye abamenyeshamakuru ko badashobora kubandanya kwihanganira ubwicanyi n’ipfungwa ry’abatavuga rumwe na reta biriko biraba. Léonce Ngendakumana yererekanye ko mu mezi atanu arangiye, hamaze kugandagugwa abatavuga rumwe na reta amajana atatu, n’abandi amajana indwi bapfunzwe.

Umukuru wa ADC-Ikibiri, Léonce Ngendakumana, yagirije ubutegezi ko buburabuza abo batavuga rumwe. Ubutegetsi ngo bukoresha abaporisi n’iperereza. Urwandiko ADC-Ikibiri yaraye ishize ahabona, ngo rugiye gutosorerwa mu nyuma rurungikigwe umukuru w’igihugu. Léonce Ngendakuna avuga ko bagiye gusaba perezida Petero Nkurunziza ngo areke ubutungane bukurikirane abo bose bakora ubwicanyi canke batoteza abo batavuga rumwe muri reta ku buryo ubwo aribwo bwose, baba abategetsi bavuga ko muri reta, mu mugambwe wiwe, canke mu giporisi.

Urunani ADC-Ikibiri ruranebagura kandi uburyo abaporisi basaka iyo biketse abatavuga rumwe na reta. Léonce Ngendakumana avuga ati, iyo baje gusaka baza banyegeje ibigwanisho, mu nyuma bakavuga ko babifatanye uwo bashaka gufata. Inyuma y’igandagurwa, mu Gatumba, ry’abantu bashika mirongo ine, kw’igenekerezo rya cumi n’umunani ukwezi kw’icenda, Léonce Ngendakumana yarahawe umutahe wanditse, umwagiriza guhugungabanya umutekano w’igihugu. Inzu yiwe yarasatswe incuro zibiri, arasambishwa, ariko mu nyuma yararekuwe arataha mu mw’idegemvyo

XS
SM
MD
LG