Uko wahagera

Burundi: Umugambwe CNDD-FDD Watanguje Indwi Yahariwe Abarwanyi


Mu Gifurwe ahahambwe abarwanyi 14 ba CNDD-FDD. Aba barwanyi bishwe na bagenzi babo bo muri CNDD-FDD nyene
Mu Gifurwe ahahambwe abarwanyi 14 ba CNDD-FDD. Aba barwanyi bishwe na bagenzi babo bo muri CNDD-FDD nyene

Umugambwe uri ku butegetsi mu Burundi CNDD-FDD watanguje kuri uyu wa kabiri indwi yahariwe umugwanyi. Umunyamabanga mukuru wawo yahamagariye Abarundi kuvavanura n'amacakubiri yemanga ko abatari bake mu bagwanyi bishwe na bagenzi babo bitewe n'amacakubiri.

Amashirahamwe y'abahoze ku rugamba co kimwe n'imwe mu migambwe yahoze ari imihari igwana basaba umugambwe uri ku butegetsi kureka kwiyitirira iki gikorwa kigatunganywa ku rwego rw'igihugu aho abavuye mu mirwi itandukanye n'abari abasirikare ba Reta biyumvirwa bagahabwa ikibanza.

Abamugariye ku rugamba na bo baganiriye n'Ijwi ry'Amerika bifuza ko abategetsi babitaho mu kubegereza imigambi y'iterambere aho kwiyumvira gusa indwi y'abahariwe.

Ibirori vyo gutanguza indwi yahariwe umugwanyi vyabereye mu Gifurwe ca komine Mpanda. Ni mu ntara ya Bubanza mu burengero bw’Uburundi. Aho hafubwe abagwanyi 14 ba CNDD-FDD, umuhari w’inyeshamba z’abahutu wahindutse umugambwe uri ku butegetsi kuva muri 2005. Umunyamabanga mukuru wa CNDD-FDD. Reverien Ndikuriyo, yahoze ari umu reberi yasavye abantu kuvavanura n’amacakubiri.

Cassien Bizabigomba, umukuru w’isihirahamwe ry’abamugariye ku rugamba arashima ko ku ncuro ya mbere batumiwe mu birori. Ariko n’ubu haracari agahaze: izina ryohabwa uyu musi n’itunganywa ryawo.

Bizabigomba anahanura umugambwe uri ku butegetsi kwirinda kugirisha ikarashishi urwaruka rwawo. Ni mu gihe mumpera z'ukwa munani umunyamabanga mukuru wa CNDD FDD yasavye Imbonerakure kwimenyereza neza kurusha gutambuka gisoda. Hari kuwa 28 ku musi wazihariwe.

Itariki ya 16 ukwa cumi na rimwe CNDD FDD yama itangurirako indwi yahariwe umugwanyi ni yo yasinyiweko amasezerano yo guhagarika intambara hagati ya Reta n’uwo mugambwe ukiri umuhari ugwanira mw’ishamba. Hari muri 2003.

Iyi ndwi izosozererwa muri komine Bugendana intara ya Gitega, umugambwe uri ku butegetsi ukunze kugiriramwo ibirori vyinshi nko gutanguza ibwirizwa nshingiro rishasha muri 2018, ukugurura imyiyamamazo mu matora ya 2020 n’ibindi naho ukigwanira mw’ishamba wagirizwa kuba wahishe abegeranirijwe hamwe 648 muri 1996.

Inkuru ya Eloge Willy Kaneza akorera Ijwi ry'Amerika i Nairobi muri Kenya

Burundi: Imirwi Yagwanye Isaba CNDD-FDD Kutiyitirira Indwi y'Abarwanyi
please wait

No media source currently available

0:00 0:04:28 0:00


Facebook Forum

XS
SM
MD
LG