Uko wahagera

Uburundi n’u Rwanda ni Abavukanyi: Visi Perezida Sindimwo


Icegera ca mbere c'umukuru w'igihugu c'Uburundi, Gaston Sindimwo,
Icegera ca mbere c'umukuru w'igihugu c'Uburundi, Gaston Sindimwo,

Icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu c’Uburundi, Gaston Sindimwo, amenyesha ko abategetsi b’Uburundi bafise igishika co kugwa mu nda no gusanganira na bene wabo bo mu Rwanda.

Ivyo yabivugiye imbere y’abanyagihugu bo ku mutumba wa Gaturanda muri komini Bugabira, intara ya Kirundo, ku mupaka w’Uburundi n’Urwanda aho yari yabagendeye.

Uwo mutegetsi yasavye abanyabugabira kutihenda ngo hagire umunyagihugu aja gutera umutekano muke mu gihugu c’Urwanda, ko Urwanda ari ababanyi ataho bashobora gushirana.

Mur'iyo komini hahunze abantu batari bake. Icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu asaba ishirahamwe mpuzamakungu HCR ryitaho impunzi ko inguvu ryakoresheje mu kwakira impunzi mu Rwanda ari zo ryokoresha uno musi mu kuzigarukana, “kuko amahoro ari yose mu Burundi.”

Gaston Sindimwo avuga ko bibaye ngombwa intumwa za leta y’Uburundi zokwishikira aho mu Rwanda kwitorera izo mpuzi z’Abarundi.

please wait

No media source currently available

0:00 0:04:09 0:00

XS
SM
MD
LG