Uko wahagera

Burundi: Inzara Yasubiye Gutera mu Ntara ya Kirundo iri mu Buraruko


Umwe mu mirima yo mu Kirundo
Umwe mu mirima yo mu Kirundo

Haribonekeza inzara mu ntara ya Kirundo mu buraruko bw'Uburundi na cane cane mu makomine ya Kirundo, Busoni na Bugabira. Imiryango itari mike iramaze guta izayo kubera ico kibazo mu gihe abanyeshure benshi bahevye ishure nk'uko vyemezwa n'abajejwe intwaro.

Ico kigoyi gituruka ku ruzuba rwatewe n'ihindagurika ry'ibihe. Buramatari wa Kirundo yemeza ko ico kibazo kigiye gutorerwa umuti biciye mu mugambi wo kuvomera uzoshoboza abarimyi kwimbura gatatu mu mwaka.

Kirundo, imwe mu ntara z’uburaruko bw’Uburundi imaze imyaka irenga 15 yibonekezamwo uruzuba n’inzara vyisubiriza. Iyo ntara muri kahise yafatwa nk’ikigega c’Uburundi ku buryo ibiharage vyinshi bishorwa mu masoko n’ibigurishwa mu mabutike bizwi kw'izina rya “ Kirundo”.

Naho ata bitigiri kanuni bihari, imiryango myinshi cane cane muri komine Busoni yarataye iromoka ija ahandi hakiri itoto mu gihe hari impunzi zari zahungutse ubu zasubiye guta ziromoka bitewe na kigoyi, n’uko amasoko y’Ijwi ry’Amerika abitubwira.

Inkuru ya Eloge Willy Kaneza akorera Ijwi ry'Amerika i Nairobi muri Kenya

Kirundo: Bamwe mu Banyeshure Barahevye Kwiga Kubera Inzara
please wait

No media source currently available

0:00 0:04:56 0:00


Facebook Forum

XS
SM
MD
LG