Uko wahagera

Umunyamerika, Ryan Lochte Yaratsindiye Umudali w'Inzahabu mw'Ihiganwa ry'Ukwoga mu Nkino Mpuzamakungu z'i Londres


Lochte yatsindiye umudali w’inzahabu mw’ihiganwa ry’ukwoga imetero amajana ane mu nkino mpuzamakungu z’I Londres.

Umunyamerika ahiganwa mu kwoga Ryan Lochte yaratsinze uwundi munyamerika bahiganwa, Michael Phelps n’abandi bahiganwa nawe ejo ku musi wa gatandatu. Akaba yatsindiye umudali w’inzahabu mw’ihiganwa ry’ukwoga imetero amajana ane mu nkino mpuzamakungu z’I Londres. Thiago Pereira wo mu gihugu ca Brezil yarangije mu kibanza ca kabiri mu gihe Kousuke Hagino wo mu gihugu c’Ubuyapani yarangije mu kibanza ca gatatu.

Michael Phelps, yarangije mu kibanza ca kane imisegunda irenga ine inyuma ya Ryan Lochte.

Mw’ihiganwa ry’ukugendesha amakinga, Alexander Vinokourov wo mu gihugu ca Kazakhstani niwe yatsindiye umudali w’inzahabu mw’ihiganwa ry’ukugendesha amakingi ry’ibilometero amajana abiri na mirongo itanu.

Muri judo ku bahiganwa bafise musi y’ibilo mirongo itandatu, Arsen Galstyan wo mu gihugu c’Uburusiya niwe yatwaye umudali w’inzahabu.

XS
SM
MD
LG