Uko wahagera

USA: Iyindi Mfashanyo ku Mpunzi z'Abarundi


Reta zunze ubumwe z’Amerika kigiye guha Uburundi iyindi mfashanyo ingana n’imiliyoni 31 z’amadolari azofasha abanyagihugu bahuye n’ibibazo vyatewe n’uruhagarara Uburundi burimwo.

Iyi mfashanyo nshasha ije yiyongera ku zindi Amerika yashishije abarundi, aca ashika ku miliyoni 86 z’amadolari Amerika imaze gufashisha abarundi kuva uruhagarara rwa politike rutangura mu mwaka wa 2015.

Imiliyoni 23 izozicisha muri HCR, izindi 8 zihabwe PAM mu Burundi.

HCR izoyafashisha impunzi nshasha z’abarundi ziri Republika iharanira demokarasi ya Kongo, mu Rwanda, Tanzaniya, Uganda na Zambiya mu kubaronsa ivya nkenerwa mu buzima bwa misi yose.

PAM rizoyakoresha mu gutanga ibifungurwa ku mpunzi z’abanyekongo ziri mu Burundi n’abandi barundi basinzikajwe n’indyane za politike ndetse n’ibindi biza vyashikiye Uburundi.

Amerika imenyesha ko izobandanya gufasha abo bose bahuye n’ingaruka mbi zatewe n’intambara mu kubandanya ikorana n’amashirahamwe yita ku bantu hamwe n’ibihugu vyo mu karere.

XS
SM
MD
LG