Uko wahagera

Amashirahamwe Yigenga n’Amasendika yo mu Burundi Agabisha Guhagarika Akazi


Amashirahamwe agiye guhagarika akazi yarabonanye n’icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu kw’igenekerezo rya 7 uku kwezi amusaba ko iyo ngingo yohagarara ariko Gervais Rufyikiri yababwiye ko bidashoboka

Amashirahamwe yigenga 447 n’amasendika y’abakozi 39 kur’uwu wa kane yatangaje icese mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru ko ku mus iwa kane bagiye gushikiriza mu bugenduzi bw’akazi urwandiko rusabwa n’amategeko kugira abakozi bagaragaze akababaro kabo muguhagarika akazi.

Ayo mashirahamwe yandika ko amaze umwaka atanguje isekeza ryo kwiyamiriza ubuzima buzimvye. Muri rusangi ayo mashirahamwe yiyamiriza iduzwa ry’ibiciro vy’ibiribwa nka vyose ku masoko ariko ngo icaje ari agahebuza n’iduzwa ry’ibiciro vy’amatara n’amaze ibice birenga 226% n’amatara ku bice 124% kuva mu ntango z’ukwezi kw’icenda umwaka w’i 2011.

Amashirahamwe agiye guhagarika akazi yarabonanye n’icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu kw’igenekerezo rya 7 uku kwezi amusaba ko iyo ngingo yohagarara ariko Gervais Rufyikiri yababwiye ko bidashoboka. Tharcisse Gahungu arongoye urunani rw’amasendika COSYBU yabwiye Ijwi rya Amerika ko nabo bagiye kuva mu vyo kwandika no kuvuga.

Gabriel Rufyiri ari mubaremesheje ikiganiro akaba asanzwe arongoye ishirahamwe OLUCOME, rigwanya ibiturire n’isesagurwa ry’amatungo ya reta ati « si uguhagarika akazi gusa abarundi bose basabwa guhaguruka bakiyamiriza ubuzima buzimvye mu gihe vyibonekeza ko hariho abantu bikoreye ingorane z’igihugu abandi bacicayeko,umutegetsi mwiza arazwa ishinga n’abo arongoye »

Umukuru w’urunani rw’amashirahamwe FORSC Pacifique Nininahazwe arafise amakenga ko Abarundi bashobora gutinya kuja kw’ibarabara bitaba imyiyerekano ariko ngo gutsinda ubwoba ni iyindi ntambara.

Ayo mashirahamwe asaba ko ingingo yo kuduza ibiciro vy’amazi n’amatara yohagarara atakirinze gusabwa,reta ngo itegerezwa kandi gushinga vuba umugwi urimwo imigwi yose wihweza ingorane z’ubuzima buzimvye. Abategetsi basanzwe batariha amakori ku mishahara yabo bagatangura kuriha iryo kori nk’abandi bakozi bose. Inyishu y’ivyo basaba zitabonetse ngo mu misi itandatu akazi karahagarara,Abarundi bihe amabarabara.

Umuvugizi wa reta Philippe Nzobonariba ntavyinshi ngo afise abivugako ati « tuzoraba ko uguhagarika akazi n’ibindi vyisunze amategeko. »

XS
SM
MD
LG