Uko wahagera

Ejo

Amashirahamwe y’Abikorera Utwabo muri Amerika Asabwa Kuja Gukorera muri Afrika

  • VOA News

Abahinga mu vyerekeye ubudandaji n’iterambere bariko bahanura amashirahamwe agira imirimo y’ubudandaji muri Amerika gutangura gushira imitahe yayo muri Afrika

Mu gihe ubutunzi bwa Reta z’unze ubumwe za Amerika bibandanya kugira ibibazo, imitahe y’amashirahamwe igatakaza agacaro, abahinga mu vyerekeye ubudandaji n’iterambere bariko bahanura amashirahamwe agira imirimo y’ubudandaji muri Amerika gutangura gushira imitahe yayo muri Afrika, akarere aho amashirahamwe agira imiro y’ubudandaji afise uburyo butari buke bw’ukuharonkera inyungu.

Kumenyeskanisha ikoraniro rizohuza iWashington mu kwezi kuza abikorera ku giti cabo bo muri Amerika no mu karere ka Afrika ryateguwe n’urunani rw’amashirahamwe agira imirimo y’ubudandaji yo muri Amerika, Corporate Council On Africa biri muri uwo mugambi:

"Africa, n’akarere karimwo amasoko atarashigwamwo imitahe ibihumbi n’ibihumbi, akarere aho inyungu ku mitahe ziruka ahandi kw’isi muri iki gihe , akarere ka Afrika n’ikibanza amashirahamwe agira imirimo y’ubudandaji azi ubwenge ashirahamwe imitahe yayo"

Isosiyete ikora imoteri mu gisagara ca Colombus, mu ntara ya Indiana muri Reta z’unze ubumwe za Amerika, Cummins, iherutse gufata ingingo y’ugushimikira kurushiriza ku karere ka Afrika, cane cane mu gihugu ca Nigeria aho iyo Sosiyete iriko igerageza kuja imbere y’ayandi masosiyete mu kugurisha imoteri zitanga umuyangankuba.

Iyindi sosiyete iriko irondera gukorera kurushiriza mu gihugu ca Nigeria ni Sosiyete yitwa, DSC Dredge ifise icicaro mu ntara ya Louisiana muri Amerika ihingura ivyuma bikoreshwa mu gucukura ibintu biri musi y’amazi.

Umuhinga w’umunyafrika mw’ishirahamwe rifise icicaro I Washington, Atlantic Council, J. Peter Pham avuga ko ayo masosiyete azi ivyo ariko arakora.

"Pham avuga ko imiryango y’amasoko mu karere ka Afrika yuguruye ku bashaka kugira imirimo y’ubudandaji muri ako karere, yibazako ko cane cane mu gihe ayo mashirahamwe ashaka gushira imitahe muri Afrika mu kiringo kirekire kiri imbere, har inyungu ziboneka ku mitahe muri ako karere"

Bitegekanijwe ko ubutunzi mu karere ka Afrika bwiyongera hagati y’ibice 6 n’ibice indwi kw’ijana mu myaka iri imbere. Mu bihugu aho ubutunzi bushobora kwiyongera kurusha ahandi harimwo igihugu ca Ghana aho vyitezweko ubutunzi bwiyongera mu birenga ibice cumin a bine kw’ijana muri uyu mwaka.

Amashirahamwe yo mu gihugu c’Ubushinwa menshi muriyo afatwa mu mugongo na Reta yarakoreye cane mu karere ka Afrika mu myaka irangiye.

Ikigega mpuzamakungu F-M-I, catangaje ko ivyo igihugu c’Ubushinwa cashoreye muri Afrika mu mwaka uheze vyashitse ku giciro c’imiliardi mirongo itanu na zine z’amadolari, mu gihe ivyo Amerika yashoreye muri Afrika vyari imiliardi mirongo ibiri n’umwe z’amadolari.Menshi mu mashirahamwe akomeye yo muri Amerika haraheze imyaka itari ashinze imizi mu karere ka Afrika, ayobowe n’ishirahamwe Coca-Cola, mu bihe vya vuba ayandi mashirahamwe akomeye yo muri Amerika ariko arakwirikira, amashirahamwe nka Microsoft, IBM, Google, Procter and Gamble, General Electric, Boeing, Harley-Davidson, Wal-Mart na Catepillar. Amashirahamwe acukura ibitoro n’ubutare aramaze nayo nyene gushinga imizi mu karere ka Afrika.

Abahinga mu vyerekeye iterambere, batangaje ko amashirahamwe mato mato ashobora gufasha abantu bafise uburyo n’amashirahamwe ashobora gufasha mu migambi yerekeye iterambere nayo nyene akwiriye kwihweza neza uburyo buhari muri Afrika. David Shinn yahoze ari ambassadeur wa Amerika muri Afrika, yavuze ko Reta ya Amerika yotegerezwa gukore kurushiriza kugira ifashe amashirahamwe agonanwa gufata intambwe za mbere:

"Shinn avuga ko imwe muri izo ntambwe ari kweza agatima abikorera ku giti cabo b’abanyamerika, kugirisha kumbure ikoraniro ry’abanyamitahe riyobowe na Secreteri wa Departement ya Amerika ya Amerika, canke umushikiranganji ajejwe ubudandaji canke prezida rijejwe kubasaba kauja gukorera mu karere ka Afrika"

J. Peter Pham wo mw’ishirahamwe, “Atlantic Council, yavuze ko amashirahamwe agira imirimo y’ubudandaji yo muri Amerika atamenyereye akarere ka Afrika afise ivyiyumviro bibi kuri ako karere:

"Pham avuga ko kenshi amakuru ava mu karere ka Afrika yerekeye ivyaduka, n’ayandi mabi, ko aterekeye ibintu bishobora kuhabera bishobora gufasha iterambere mu vy’ubutunzi aho abahashize imitahe bahakura inyungu"

Kugabaniriza amatagisi amashirahamwe afashe ingingo y’ugukorera muri Afrika n’ukwongereza igitigiri c’abakozi bajejwe ivyerekeye ubudandaji muri Ambassade za Amerika, igitigiri cagabanutse mu myaka irangiye, ni bimwe mu vyiyumviro biriko bishikirizwa n’abahinga mu vyerekeye ubudandaji mu mugambi w’ugufasha amashirahamwe matomaato yo muri Amerika gukorera neza muri Afrika.

XS
SM
MD
LG