Uko wahagera

Amasezerano y'Ubudandanji hagati ya Canada n'Uburaya


Umushikiranganji wa mbere w'Ububirigi, inyuma y'aho ibihugu vya Buraya bitereye igikumu ku masezerano y'Ubudandaji hagati ya Canada n'Uburayi
Umushikiranganji wa mbere w'Ububirigi, inyuma y'aho ibihugu vya Buraya bitereye igikumu ku masezerano y'Ubudandaji hagati ya Canada n'Uburayi

Ishirahamwe ry’Ubumwe bw’Ibihugu vya Buraya ryateye igikumu ku masezerano y’ubudandaji hamwe n’Igihugu ca Canada. Ayo masezerano afise intumbero yo kugwiza umwimbu hamwe n’akazi hagati y’izo mpande ukwari zibiri, akaba arekurira uruja n’uruza rw’ibidadazwa atakibanje gusabwa.

Ayo masezerano yateweko igikumu kur’uyu w’Imana, n’Umushikiranganji wa mbere wa Canada, Justin Trudeau, hamwe n’abategetsi b’Ishirahamwe ry’Ibihugu vya Buraya, barimwo umuyobozi w’iryo shirahamwe, Donald Tusk.

Ayo masezerano yari guterwako igikumu k’umunsi wa kane, bikaba vyasibijwe n’uko igisata c’abavuga igifaransa mu gihugu c’Ububirigi kitari cayemeje.

Ni mugihe kugira ayo masezerano ashigwe mu ngiro, yategerezwa kwemerwa n’ibihugu vyose bihurikiye mw’Ishirahamwe ry’Ibihugu vya Buraya, ukwari mirongo ibiri n'umunani. Mur’ayo masezerano, Ishirahamwe ry’Ibihugu vya Buraya ryashimangiye ku bijanye n’ubwigenge bw’ibihugu, rikavuga ko ayo masezerano atazobuza ama Reta gufata ingingo zo gukingira amategeko yazo, mu gihe bikenewe.

XS
SM
MD
LG