Uko wahagera

Amashirahamwe mpuzamakungu ajejwe gufasha ari mu myiteguro yo kugarukira ku bantu baharurwa mu miliyoni bo mu bihugu vyo mu karere ka Afurika yo mu bumanuko ahibonekeje ubushuhe mu myaka irangiye.

Ayo mashirahamwe amenyesha ko ibihe bibi vyatewe na El Nino vyumishije ibiterwa mu gice kini ca Zimbabwe, Malawi, Zambiya, Afirika y’epfo, Mozambike, Botswana na Madagascar.

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU rimenyesha ko abantu bashika imiliyoni 14 mu karere ko muri Afurika y’amajepfo babayeho batazi ico bazofungura ku musi ukurikira. Abashika imiliyoni zibiri n’igice nibo bakeneye imfashanyo yihuta.

XS
SM
MD
LG