Uko wahagera

Burundi: Ibitoro Vyarasubiriye Kuduzwa ku Bice 10% - 2004-11-08


Reta y'Uburundi yarafashe ingingo yo gusubira kuduza ibiciro vy'ibitoro. Umushikiranganji ajejwe ubudandaji n'amahinguriro, Thomas Minani, asigura y'uko iyo ngingo yavuye kuko ku masoko mpuzamakungu ibiciro biguma biduzwa.

Iryo duzwa ryabaye ku musi wa gatandatu mu nyuma y'aho mu gisagara ca Bujumbura no mu ntara zo hagati mu gihugu, ata bitoro vyatangwa ku ma stations. Umushikiranganji ajejwe ubudandaji n'amahinguriro amenyesha ko abadandaza bariko baranyegeza ivyo basigaranye mu bubiko kuko bari bamenye ko reta ihava ifata iyo ngingo yo kuduza ibiciro.

Kuva mu mpera z'indwi iheze, ilitiro rya essence ryavuye ku mahera y'amarundi 1000 rija ku 1.100, mazout nayo iva ku 1.050 ija ku 1.150.

Bubaye ubugira gatatu muri uno mwaka w'2004 reta ifata ingingo yo kuduza ibiciro vy'ibitoro. Kuva umwaka utangura iryo duzwa rikaba rimaze gushika ku bice 35%.



Shakira andi makuru yo mu karere hano.
Saba amakuru muri email yawe hano.

XS
SM
MD
LG