Uko wahagera

Burundi: Abashingamateka Bemeje Ibwirizwa Nshingiro Rishasha - 2004-10-20


Inama nshingamateka na nkenguzamateka zaremeje ku wa gatatu ivyapfunditswe mu nama y'abakuru b'ibihugu iheruka gukoranira i Nairobi ku wa 15 gitugutu ku kibazo c'Uburundi. Abashingamateka 192 bari mu ngoro y'amakoraniro yo mu Kigobe mu gisagara ca Bujumbura n'amajwi y'abandi batanu batumye, baremeje ingingo y'uko ibwirizwa shingiro bemeje kw'igenekerezo rya 17 mu kwezi guheze riba ibwirizwa shingiro mfatakibanza kuva kw'igenekerezo rya mbere munyonyo gushika kw'igenekerezo rya 26 mu kwezi kuza nyene, ari naho rizohava ryemezwa mu matora y'abanyagihugu.

Inzego zitwara igihugu zigiye kandi kuzoshishikara gutwara gushika ku matora y'umukuru w'igihugu.

Umukuru w'igihugu Domitien Ndayizeye yaramenyesheje ko ivyiyumviro biri muri iyo nteguro y'ibwirizwa shingiro vyatanzwe n'imigambwe, hamwe n'impanuro zagiye ziratangwa n'abahuza, haba mu biganiro vy'i Arusha, i Pretoria n'ahandi. Domitien Ndayizeye aremeza kandi y'uko umurwi wigenga ujejwe gukurikirana ivy'amatora CENI wisunze ivyiyumviro vy'umukuru w'akigoro ko mu karere k'ibiyaga binini ku Burundi ku bijanye n'ikirangamisi c'aho amatora azobera.

Mu gihe ikibazo kijanye n'amatora kirimwo impari nyinshi, umukuru w'igihugu yaramenyesheje y'uko reta izokora ibikenewe vyose kugira ngo icungere umutekano w'abanyagihugu, imbere y'amatora, mu gihe c'amatora n'inyuma yayo.

Tumenyeshe y'uko mu gihe iyo nama kaminuza yariko iraba umukuru w'Inama Nkenguzamateka yariko araha ikiganiro abanditsi n'abamenyeshamakuru. Libere Bararunyeretse yemeza icese y'uko iryo koraniro ryatumweko n'umukuru w'igihugu ridaciye mu mategeko. Libere Bararunyeretse yemeza ko ritisunze amasezerano y'i Arusha hamwe n'amategeko yose agenga Reta n'urwego rw'Inama Nshingamateka.

Ku bw'umukuru w'Inama Nkenguzamateka, Libere Bararunteretse, abagize ibiro vy'urwego nshingamateka n'urwego nkenguzamateka ni bo bategerezwa guhura bakumvikana ku kirangamisi c'ibitegerezwa gushikirizwa mw'ikoraniro rihuza izo nzego ukwo ari zibiri.

Inkuru zinyuranye zemeza y'uko abagize ibiro vy'izo nzego ukwo ari zibiri bakoranye ku musi wa gatatu mu gatondo ariko ko batashoboye kwumvikana ku kirangamisi, kuko ibiro vy'umukuru w'igihugu bitari vyazimenyesheje ibiza kwihwezwa muri iryo koraniro.



Shakira andi makuru yo mu karere hano.
Saba amakuru muri email yawe hano.

XS
SM
MD
LG