Uko wahagera

Uburundi Buzohereza Intumwa ya Gisirikari mu Bubirigi - 2003-08-05


Uburundi bugiye kuzorungika uwubuserukira mu vya gisirikare mu gihugu c'Ububirigi.

Umukuru w'igihugu, Domitien Ndayizeye, yaramenyesheje icese y'uko igihugu c'Ububirigi cemeye ko Uburundi bushobora kurungikayo uwubuserukira mu vya gisirikare.

Perezida Ndayizeye ati: “Bemeye rero ko dushobra kurungika mu Bubirigi Umurundi yoba aserukira iki gihugu mu gisirikare.Twibaza rero y'uko ari intango yo kuzosubira gufashanya muri urwo rwego.”

Isubira ry'imigenderanire yo gufashanya mu vya giirikare ryamenyeshejwe ku wa mbere mu gihe umushikiranganji w'Ububirigi ajejwe ukwivuna abansi, Andre Flahaut, yari mu rugendo i Bujumbura.

Uyo mushikiranganji w'Ububirigi avuga ko umuzo wiwe mu Burundi ari ikimenyetso c'uko igihugu ciwe gishaka gufasha Uburundi.

Ati: “Urugendo rwanje ni ikimenyetso c'uko Ububirigi butibagira Uburundi, mu gushigikira umugambi w'amahoro bubicishije mu nzego mpuzamakungu[...] uyo umugambi w'amahoro kandi utegerezwa gushigikirwa bikwiye.”

Yarasavye y'uko abarebwa n'amatati ari mu Burundi bokora ukwo bashoboye muri uyo mugambi kugira ngo ibintu bisubire mu buryo, kugira ngo kandi bishoboke y'uko iyindi migambi ishingwa.

Uwo umushikiranganji, Andre Flahaut, yari yaje i Bujumbura avuye i Bunia muri Republika Democratique ya Congo.

Shakira andi makuru yo mu karere hano.
Saba amakuru muri email yawe hano.

XS
SM
MD
LG