Uko wahagera

Pascalie Kampayano Mu Bahiganira Ikibanza c'Umukuru w'Igihugu


Umugambwe UPD-Zigamibanga urungitse umupfasoni guhiganira ikibanza c'umukuru w'igihugu. Inyuma y'ikoraniro ry'uwo mugambwe ryamaze imisi ibiri, mu mpera z'indwi irangiye, umupfasoni Kampayano Pascaline niwe yatowe ngo aserukire umugambwe mu matora ategekanywa mu kwezi kw’indwi.

Pascaline Kampayano yaronse amajwi igihumbi n'amajana umunani na mirongo itatu n’ane, ku bantu ibihumbi bibiri n'amajana abiri na mirongo indwi n'icenda batoye. Uwo bahiganwa, Alfred Ndarigumije, yaronse amajwi amajana ane na mirongo ine n'indwi.

Umupfasoni Kampayano agiye guserukira umugamwe UPD-Zigamibanga, yavuze ko afise imigambi yo kugwanya ubukene n’inzara. Yiyemeje guteza imbere ubutunzi bw'igihugu no gutsimbatanza intwaro ishimikiye kuri demokarasi, kugwanya ibiturire, guharanira intwaro ibereye no kwubahiriza agateka ka zina muntu.

Uwo mupfasoni yarabaye umushingamateka w'imigambwe FRODEBU na CNDD-FDD. Igihe umuhari CNDD-FDD wari ukigwanira mw'ishamba, umupfasoni Pascaline Kampayano ngo yarawufashije cane, haba mu ntambara canke mu kurondera uburyo.

Pascaline Kampayano ari mu bashingamateka mirongo ibiri na babiri birukanywe mu nama nshingamateka y’Uburundi, kubera ko bashigikiye Hussein Radjabu yahoze atwara umugambwe CNDD-FDD. Umugambwe UPD-Zigamibanga agiye guserukira ugizwe ahanini n'abahoze mu mugambwe CNDD-FDD. Uwo mupfasoni abaye uwa cumi na rimwe mu bazohiganirwa ikibanza c'umukuru w'igihugu c’Uburundi.

XS
SM
MD
LG