Uko wahagera

Agahombo k’Imiriyaridi n’Imiriyaridi mu Burundi Kubera Ruswa 


Reta y'Uburundi yahomvye imiriyaridi zirenga mirongo itatatu n'indwi mu mezi atandatu arangiye kubera ruswa. Raporo y'ishirahamwe OLUCOME ryishinze kugwanya ibiturire n'isesagurwa ry'amatungo ya reta, yashizwe ahabona ikerekwa abamenyeshamakuru imenyesha ko reta y'Uburundi yahomvye amafaranga arenga imiriyaridi mirongo itatu n'indwi y'amafranga y’Uburundi, kubera ibiturire n'isesagurwa ry'amatungo ya reta. Gabriel Rufyiri atwara ishirahamwe OLUCOME avuga ko iyo raporo yibanze ku mezi atandatu arangiye.

Gabriel Rufyiri yabwiye abemenyeshamakuru ko ivyo biturire n'isesagurwa ry'amatungo ya reta bikomeye cane cane mu bisata vya duwani, mu makori, ahatangirwa amasoko, mu butungane no mu rwego rw'igiporisi. Ishirahamwe OLUCOME ryerekana ko amadosiye amajana atatu na cumi n'indwi yakozwe mu mezi atandatu arangiye, yose yagaragaje ubusuma bukorwa mu kurya ibiturire. Umukuru w’ishirahamwe OLUCOME, Gabriel Rufyiri yatangaje kandi ko Reta yarimaze gutakaza imiriyaridi amajana abiri na mirongo indwi na zitandatu kubera akageso ko kurya ibiturire no gusesagura amatungo ya reta.

Raporo y’ishirahamwe OLUCOME iranegura ukuntu mu madosiye menshi azwi muri reta, abadomwako urutoke badakurikiranwa n’ubutungane. Mur'iyo raporo, Gabriel Rufyiri atwara ishirahamwe OLUCOME yasavye ko inzego zijejwe kugwanya ibiturire zoshengeza abanyuruza amatungo ya reta, abayasesagura canke abarya ibiturire.

Iryo shirahamwe OLUCOME ritegamiye reta, ryishinze kugwanya ibiturire n'isesagurwa ry'amatungo ya reta, ryama ryashize ahabona amaraporo adoma urutoke ku bategetsi bamwe bamwe barya ibiturire canke basesagura amatungo ya reta. Umwaka urarangiye icegera c'umukuru w’ishirahamwe OLUCOME, Ernest Manirumva, agandaguwe n'abantu gushika ubu bataramenyekana. Ishirahamwe OLUCOME ryemeza ko Ernest Manirumva yishwe n'abantu badashimishwa n'ivyo iryo shirahamwe rikora.

XS
SM
MD
LG