Uko wahagera

Rwasa Agathon Umukuru w'Ishirahamwe INSS


Rwasa Agathon yatanguye amabanga yo kurongora ishirahamwe INSS. Umukuru w'umugambwe FNL, Rwasa Agathon, yaraye ashikirijwe amabanga yo gutwara ishirahamwe ritegekaniriza kazoza abakozi, INSS. Ukwinjira kw’abanywanyi b'umugambwe FNL mu nzego za reta biri mu ngingo zo gushira mu ngiro amasezerano yemejwe hagati ya reta n'umuhari FNL i Dar-Es-Salaam, muri Tanzania, mu mwaka w'i 2007.

Itegeko ry'umukuru w'igihugu rigena Rwasa Agathon mu mabanga yo kurongora ishirahamwe INSS ryasohotse mu mpera z'indwi irangiye. Jonas Nshimirimana, umunyamabanga mukuru wa FNL, yashinzwe amabanga yo kuba umuhanuzi mukuru, ajejwe ibibazo vya politike, mu biro kwa Perezida. Jacques Bigirimana nawe, umwe mu barongoye umugambwe FNL, yahawe kurongora igisata c'ubudandaji mw'ishirahamwe ryijejwe icayi OTB.

Mw'itegeko rigena abagiye guserukira Uburundi mu makungu, ryasohotse mu ndwi yahera, umugambwe FNL wahawe ibibanza bitatu vy'ubuhanuzi mu bihugu vy'Ubuhindi, Ubutariyano, n'Uburusiya. Umuhari FNL ukigiranira ibiganiro na reta wasaba kuronswa ibibanza muri reta, mu nama nshingamateka no mu nama nkenguzamateka. Ivyo bibanza FNL nti yashoboye kubironka, kubera ko ibwirizwa nshingiro rivuga ko imigambwe yinjira mur'izo nzego iba yagiye mu matora, ikaronka hagati y'ibice bibiri n’ibice bitanu vy'amajwi.

Umuhari FNL niwo muhari wanyuma wari ukigwana mu Burundi. Amasezerano wagiraniye na reta yatumye ushira ibigwanisho hasi, wemererwa kuba umugambwe ukorera ku mugaragaro.


XS
SM
MD
LG