Uko wahagera

Kwigisha Gusoma no Kwandika mu Burundi


Ibice birenga mirongo itanu na bitanu vy'Abarundi nti bazi gusoma no kwandika. Indwi yahariwe kwigisha gusoma no kwandika abakuze iriko ihimbazwa mu gihugu cose, mu gihe mu Burundi ibitigiri vy'abatazi gusoma no kwandika bitangwa na rusasuma yo mu 1990 vyerekana ko ibice birenga mirongo itanu na bitanu vy'Abarundi batazi gusosama no kwandika.

Deogratias Nzunogera, icegera c'umukuru w'ishirahamwe ryigenga ''Bafashe Bige'' yabwiye Ijwi rya Amerika ko ibitigiri vy'abatazi gusoma no kwandika bitazwi neza. Abakurikirana ivyo kwigisha abakuze gusoma no kwandika, bavuga ko ibiharuro bafise ubu bimaze imyaka irenga cumi n'itanu bikozwe. Iryo shirahamwe ryigenga ''Bafashe Bige'' mu biganiro riremesha mur'ino ndwi riranegura uburyo buke bushigwa mu gisata co kwigisha abakuze ugusoma no kwandika. Abajejwe ikigo c'igihugu gitanga izo nyigisho baremeza nabo nyene ko uburyo bahambwa ico gisata butajanye n'ibikorwa bikenewe.

Ibiharuro vyerekana ko intara ya Ngozi iza ubwa mbere mu bitigiri vy'abakuze batazi gusoma no kwandika. Iharugwamwo ibice mirongo itandatu n'umunani kw'ijana. Mu gisagara ca Bujumbura, ibiharuro vy'abatazi gusoma no kwandika bakuze bishika kuri mirongo ibiri na kimwe kw'ijana. Muri rusangi abakobwa nibo benshi baharugwa mu bice birenga mirongo itanu n'umunanini kw'ijana. Deogratias Nzunogera avuga ko bitazokworohera Uburundi kurangura umugambi wo kwigisha gusoma no kwandika abantu bakuze bose mu mwka w'ibihumbi bibiri na cumi na gatanu (2015), nk'uko vyemejwe n'amakungu i Dakar muri Senegal mu mwaka w'i 2000.

Indwi yahariwe ukwigisha gusoma no kwandika abakuze igenewe guca hirya no hino ico kibazo, guhimiriza abantu ngo bitabe izo nyigisho, no kurondera abashobora gufasha mur’uwo mugambi. Abahinga mu vyerekeye imigambi y’iterambere bemeza ko ariyo nzira yo gushika kw'iterambere rirama. Amadini niyo asanzwe afasha cane mu mugambi wo kwigisha gusoma no kwandika abakuze. Ariko abarongoye ikigo kijejwe uwo mugambi mu gihugu, bavuga ko abanyamadini badebukiwe. Raporo zerekana ivyo bakora ngo nti zitangwa uko bitegerejwe.

XS
SM
MD
LG