Uko wahagera

Iperereza mu Burundi n'Amategeko Mashasha


Ibiro bijejwe iperereza mu Burundi bigiye kugengwa n'amategeko mashasha. Ibiro vy'uwuserukira ONU mu Burundi bifadikanije n'ibiro bijejwe iperereza mu Burundi vyatanguje ibikorwa vyo kumenyesha amategeko mashasha agiye kugenga abaporisi bajejwe iperereza.

Imbere y'abashingamateka, abaporisi bajejwe iperereza, n'abamenyeshamakuru, Adolphe Nshimirimana, umukuru w'ibiro bijejwe iperereza yatangaje ko abaporisi arongoye bagiye kwisunga amategeko mashasha, ajanye no kwiyegereza abanyagihugu, no gukorera ku mugaragaro iyo bikenewe ku neza y'abanyagihugu.

Umushingamateka Jean Claude Nduwimana atwara umugwi ujejwe umutekano mu Namanshingamateka yafadikanije n'abahinga ba ONU hamwe n'abajejwe iperereza mu gutegura ayo mategeko, asigura ko igishasha ari uko umuntu uwo ariwe wese avyipfuza, azohabwa uburenganzira bwo kwinjira mu biro vy'iperereza, akakirwa kandi agasigurirwa ivyo yipfuza kumenya.

Ibiro vy'uwuserukira ONU mu Burundi bifasha mur'uwo mugambi, biremeza ko hakenewe inyifato nshasha mu baporisi bajejwe iperereza. Kugira ngo ico gikorwa gishoboke hazotangwa inyigisho ku bakozi bo mu biro bijejwe iperereza. Abaporisi bajejwe iperereza basabwa kugarukana umwizero mu banyagihugu, bagakora bisunga ineza y'umukuru w'igihugu ariko batibagiye ineza y'abanyagihugu bose.

XS
SM
MD
LG