Uko wahagera

Alexis Sinduhije mu Mpimba


Umushikirizamanza wa repuburika mu gisagara ca Bujumbura yarungitse Alexis Sinduhije umukuru w'umuhari MSD mw'ibohero rikuru rya Mpimba i Bujumbura, kw’igenekerezo rya 11 ukwezi kwa 11, mu mwaka wi 2008. Iyo ngingo yafashwe inyuma y'imisi icenda Alexis Sinduhije yari amaze mu gasho ko mu rwego rw’igiporisi c'inyamiramabi.

Mu rwandiko umushikirizamanza wa repuburika yarungitse mw'ibohero, yamenyesheje ko Alexis Sinduhije akurikiranwa ku vyaha vy’uko yoba yaratutse umukuru w'igihugu. Ivyo vyagirizo ngo bikaba biri mu nzandiko zafatiwe mu nyubakwa y'umuhari MSD, igihe abaporisi basaka kw'igenekerezo rya mbere ry'uku kwezi kw’icumi na rimwe.

Mu gitondo ca kare, kw’igenekerezo rya 11 ry’uku kwezi, abaporisi benshi cane bari bazindukiye ku nyubakwa y'ubutungane, imbere y'uko Alexis Sinduhije arengutswa. Abanywanyi b'umuhari MSD ahanini bagwiriyemwo abakenyezi, nabo nyene bari bazindukiye ku ngoro y'ubutungane.

Alexis Sinduhije yari yitezwe kurengitswa imbere y'umushikirizamanza wa repuburika I Bujumbura mu ndwi iheze kw’igenekerezo rya 13, ariko iryo sango ryarasibijwe kubere abantu bari benshi. Amabisi abiri yari yazanye abantu benshi cane bava mu makomine ya Kinama na Kamenge aho Alexis avuka.

Prosper Niyoyankana aburanira Sinduhije avuga ko urubanza rwiwe ari urwa poritike. Igihe Alexis Sinduhije yari mu gasho k'igiporisi c'inyamiramabi, nti yari arekuriwe kubonana n'umushingwamanza wiwe.Umukuru w'ishirahamwe APRODH riharanira agateka ka zina muntu n'agateka k’abanyororo, asigura ko inyifato zo gukurikirana abatavuga rumwe na reta zihari.

Alexis Sinduhije yavuye mu mwuga w’itangazamakuru mu ntango z'uyu mwaka aja mu vya poritike.

XS
SM
MD
LG