Uko wahagera

Iyibukwa rya Prezida Melchior Ndadaye mu Burundi


Abarundi baraye bibutse imyaka cumi n’itanu irangiye Presida Melchior Ndadaye agandaguwe.

Ibirori vy’uwo musi bitangurwa n’imisa, bikabandaniriza ku ntatemwa y’umuhisi Melchior Ndadaye iri ku ngoro yitiriwe “Uwambere Munyonyo”, aho abategetsi b’igihugu n’abakuru b’imigambwe bashira amashurwe ku ntatemwa.

Turetse abakuru b’igihugu c’Uburundi, ivyo birori vyitabwa kandi n’abaserukira ibihugu vyabo.

Abamenyeshamakuru ba radio Ijwi rya Amerika Marie Claire Sissossoko, ari i Washington, na Gabriel Nikundana ari i Bujumbura bagiranye ikiganiro batwiganira ingene ivyo birori vyahimbajwe uyu mwaka.

XS
SM
MD
LG