Uko wahagera

Igitero ku Rugo rw'Umusirikare i Bujumbura


Grenade yaratewe mu rugo rw’umusirikare acungera ubuzima bwa Perezida ihitana umwana. Mu Kamenge muri karitiye Mirango ya kabiri, abantu bitwaje ibigwanisho barateye ku rugo rw'umusirikare w'ipete ya komanda acungerera ubuzima Perezida Petero Nkurunziza, umwana w'uwo musoda arapfa, abantu indwi harimwo abasirikare batatu barakomereka.

Abo bantu bateye isaha imwe y'ijoro, barashe amasasu menshi cane imbere yo gutera grenade nk'uko inkuru ziva mu gwego gw’abaporisi no mu gwego gw’abasirikare zibivuga. Uwo musirikare yari yagize urubanza rwitabwe n'abantu benshi.

Ugwego gw’abaporisi ruvuga ko gushika ubu rutaramenya abateye. Abasirikare n'abajejwe intwaro bo mu mugambwe CNDD-FDD uri k’ubutegetsi baba mu makaritiye ari ku nkengera z'igisagara ca Bujumbura, cane cane Kamenge na Kinama, barakunda guterwa n'abantu bitwaje ibirwanisho. Abajejwe intwaro n'abarongoye ugwego gw’igiporisi kenshi na kenshi bagiriza umuhari Palipehutu-FNL.

XS
SM
MD
LG