Uko wahagera

Umuhari Palipehutu-FNL Ugiye Kwirukanwa muri Tanzania


Abarongoye umuhari Palipehutu-FNL bahawe imisi cumi ngo babe bavuye muri Tanzania. Kw’igenekerezo rya kane ry’ukwezi kwa gatanu, abashikiranganji bajejwe imigenderanire y'ibihugu vya Tanzania n’Ubuganda bamenyesheje abarongoye umuhari Palipehutu-FNL ko bafise imisi cumi kugira ngo babe bavuye mu gihugu ca Tanzania. Iyo ngingo iri muri raporo y'umubonano wabaye hagati ya Perezida w’Ubuganda na Prezida wa Tanzania mu mpera z'indwi irangiye k’umugwa mukuru Kampala.

Iyo nama y’abashikiranganji bajejwe imigenderanire yabereye i Arusha, yatanguye isaha zine z'ijoro irangira isaha icenda bugiye guca nk'uko twabibariwe kuri terefone na Pasteur Habimana avugira umuhari Palipehutu-FNL. Ibindi biri mur'iyo raporo bivuga ko intambara zitegerezwa guhagarara mu Burundi. Ubuganda na Tanzania bivuga kandi ko ikigongwe c'agateganyo umuhari Palipehutu-FNL usaba kidakenewe gutangwa.

Pasteur Habimana avugira umuhari Palipehutu-FNL asigura ko iyo ngingo ihengamiye ku ruhande rwa reta y'i Bujumbura. Arongera akavuga ko gutahuka atari ingorane, ariko ko umuhari Palipehutu-FNL ukeneye ikigongwe c'agategenyo kugira ngo ushobore gutahuka mu Burundi, abawurongoye baje gushira mu ngiro amasezerano bemeje.

Umukuru w'igihugu c’Ubuganda, Yoweri Kaguta Museveni, na Perezida Kikwete wa Tanzania, bahagarariye umugambi w'akarere k'ibiyaga binini, wo kugarukana amahoro mu Burundi. Umuhari Palipehutu na reta y’Uburundi bemeranije amasezerono yo guhagarika intambara, inyuma y'ibiganiro vyabereye muri Tanzania mu mwaka w'i 2006. Ariko intambara zimaze indwi zitatu zisubiriye kwaduka mu Burundi.

Abarongoye umuhari Palipehutu-FNL bamaze ico gihe cose bari muri Tanzania, hasanzwe hakorera cane imihari yamye itera reta z'Uburundi.

XS
SM
MD
LG