Uko wahagera

Itegurwa ry’Amatora yo mu 2010 mu Burundi


Gutegura amatora yo mu 2010 mu Burundi ngo n’ikibazo gikwiye kwihutirwa. Umukuru w'ishirahamwe COSOME ryishinze gukurikirana ivyerekeye amatora, Jean Marie Vianney Kavumbagu asaba reta gushinga vuba umugwi w'igihugu ujejwe amatora. Umushingantahe Kavumbagu avuga ko ico gikorwa catevye kandi ko bishobora kugira ingaruka mbi ku matora yo mu 2010.

Ku bw’abategetsi b'ishirahamwe COSOME, uwo mugwi ngo ukwiye kuba ugizwe n'abahinga banonosoye ivyerekeye amatora aho gushiramwo abanyeporitike gusa. Umushingantahe Syvestre Ntibantunganye yahoze atwara Uburundi ahanura ko igikorwa co gukura ibirwanisho mu gihugu corangurwa, n’ibiganiro hagati ya reta y’Uburundi n’umuhari FNL bikarangira.

Ishirahamwe COSOME nti riri mu mashirahamwe yakurikiranye amatora yo mu 2005, kandi ryaranebaguye cane uburyo yagenze.

XS
SM
MD
LG