Uko wahagera

Umuti w’Ingorane Ziri mu Nama  Nshingamateka y’Uburundi


Umukuru w'Inama Nshingamateka y’Uburundi ariko aragerageza gutorera umuti ingorane zo mu Kigobe. Inyuma y'amezi hafi abiri y'impari n’ukutumvikana mu Nama Nshingamateka, umukuru w'urwo rwego, Pie Ntavyohanyuma yatanguje imibonano n'abashingamateka.

Iyo mibonano ishimikiye ku bibazo bibangamiye ibikorwa vy’Inama Nshingamateka, cane cane ingene abagize ibiro vy'Inama Nshingamate bohindurwa nk'uko abashingamateka batavuga rumwe na reta babisaba.

Pierre Claver Nahimana wo mu mugambwe FRODEBU, arashima iyo mibonano, agasaba ko yobandanya ariko yisunze amategeko. Inama Nshingamateka y’Uburundi yatanguye kugira ingorane kuva igihe Hussein Radjabu yahoze arongoye umugambwe CNDD-FDD apfungiwe, abashingamateka barenga mirongo ibiri bakaguma bamushigikiye. Ivyo vyatumye umugambwe uri k’ubutegetsi utakaza amajwi.

Abashingamateka barenga mirongo ine baherutse gusohora inyandiko isaba ko umukuru w'Inama Nshingamateka atanga imihoho, bamwagiriza kutubaha amategeko no gukorera umugambwe akomokamwo gusa.

XS
SM
MD
LG