Uko wahagera

Ibitero ku Bashingamateka mu Burundi


Kw’igenekerezo ry’umunani ry’uku kwezi kwa gatatu, harabaye ibitero vya grenade ku nyubakwa z’abashingamateka batari bake barimwo Alice Nzomukunda, yahoze ar’icegera cambere c’umukuru w ‘inama nshingamateka. Inyuma y’aho ivyo bitero bibereye, abanyepolitike batavuga rumwe na reta barimwo uyo mufasoni nyene, batangaje ko ata nkeka kw’ivyo bitero vyateguwe n’ubutegetsi canke abantu bakorera ubutegetsi. Yamara abategetsi ba reta hamwe n’abashingamateka bahurikiye mu mugambwe uri ku butegetsi, bariyamirije ivyo birego, bakavuga ko reta ata nyungu ifise mu gushaka guhungabanya umutekano mu gihugu.

Abagiriza reta bavuga kandi ko mu gihe cose habaye ubwicanyi, reta idaheza ngo ishikirize raporo y’itohoza ryokozwe. Yamara reta yoyo ivuga ko ariyo reta ya mbere kuva Uburundi bwikukiye, ikora itohoza hanyuma igashira ahabona ivyavuye mur’ayo matohoza.

Mu kiganiro Dusangire Ijambo co mu ku musi w’Imana uheze, twari twatumiye abashingantahe bakwirikira: David Nahimana, umukuru w’ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu mu Burundi Ligue Iteka; Honorable Onesime Nduwimana, umuvugizi w’umugambwe CNDD-FDD, hamwe na Honorable Pierre Claver Nahimana, umukuru w’abashingamateka bahurikiye mu mugambwe Frodebu, kugira ngo baduhe ivyiyumviro vyabo ku vyerekeye ivyo bitero vyabaye ku nyubakwa z’abashingamateka, hamwe n’ukuntu itohoza ry’ubwo bwicanyi ririko riragenda.

XS
SM
MD
LG