Uko wahagera

Inama n'Ingingo mu Burundi


Umukuru w'igihugu c'Uburundi, Petero Nkurunziza, n'uwuserukira Onu i Bujumbura baratanguje umugambi wo gushigikira inama n'ingingo mu bisata bitandukanye vy'igihugu.

Uwo mugambi watangujwe kw’igenekerezo rya 18 mur’uku kwezi kwa kabiri, mu ngoro y'amakoraniro mu Kigobe, ushira imbere ukuganira n'intwaro ibereye, uzoba uhurikiyemwo n’abatowe, abajejwe intwaro, abari mu mashirahamwe ategamiye reta, hamwe n'abamenyeshamakuru, mu vyo bise Inama Nkuru y'Igihugu. Iyo nama nkuru izoba ijejwe kwegeranya ivyiyumviro vy'abanyagihugu mu vyerekeye iterambere ,amahoro, na demokarasi.

Uwo mugambi uri mu yindi migambi cumi n'itanu reta y’Uburundi izorangura ifadikanije n’ishirahamwe ONU. Bitegekanije ko uzokenera amafaranga ashika ku miriyoni zitatu z'amadorari y'Abanyamerika mu kiringo c'amezi cumi n'abiri.

XS
SM
MD
LG