Uko wahagera

Ishirahamwe CACAM ririko rirondera Gushorera Ikawa muri Amerika


Ishirahamwe, “CACAM” igurisha ikawa mu mahanga ririko rigerageza kwinjira ku masoko y’ikawa yo muri Amerika. Ku bw’umukuru w’ishirahamwe, “CACAM” riri mu gihugu c’Urwanda, Robert Bigirimana, ngo barategura ikawa imbere yuko bayishorera mu mahanga.
Amenyesha ko batanguye ishirahamwe ryabo, “CACAM” ari abantu barenga amajana atatu, ngo yamara muri iki gihe bakaba bamaze kugera ku bihumbi bitanu birenga.

Umukuru w’ishirahamwe, “CACAM” Robert Bigirimana, arongera akavuga ko bagiye hamwe bariyumvira basanga bikenewe ko baja hamwe n’abandi bakora ivy’ikawa muri Amerika. Bakaba bariko barondera isoko ikawa yabo muri Amerika. Barondera kwikorera iyo kawa bakongera bakayikwirikirana. Amenyesha ko batanguye ico gikogwa mu mwaka urangiye. Ngo babonye ari ngombwa ko baja hamwe, ikawa yabo bakayiha agaciro, kugira n’umunyagihugu azogire ikimugarukako kikamugirira akamaro.

Arangiza avuga ko mu mafaranga bazogurisha ikawa yabohari ayaazogaruka mu banyagihugu kugira abafashe kugenda biteza imbere.

XS
SM
MD
LG