Uko wahagera

Ibikorwa ku Masezerano y'Amahoro mu Burundi Vyahagaze



Umuhari Palipehutu-FNL na Reta y' Uburudi bahagaritse ibikorwa vyo gushira mu ngiro amasezerano y’amahoro. Ibikorwa vy'umurwi ujejwe gushira mu ngiro amasezerano yo guhagarika intambara yemejwe n'umuhari Palipehutu-FNL na Reta y'Uburundi vyahagaze inyuma y'indwi zitatu bitanguye.

Umuhari Palipehutu-FNL wagiriza amakungu ko ata shaka ashira mur’ico gikorwa. Umugwi FNL uvuga kw’ingorane nyamukuru zihagaze ku kubura ibifungurwa vy'abagwanyi bashize ibigwanisho hasi haraheze amezi indwi. Umuvugizi w'umuhari Palipehutu-FNL, Pasteur Habimana, avuga k'umukuru w’umuhari, Rwasa Agathon, amaze gufata amadeni agera ku miriyoni amajana atatu na mirongo itanu y’amafaranga y'Uburundi, kugirango abandanye kugaburira abagwanyi biwe.

Izindi ngorane ngo n'abanywanyi b’umuhari FNL bapfungiwe ivyiyumviro vy'umuhari batararekurwa, no kubura inzandiko zitomora neza kazoza k’umuhari Palipehutu-FNL, n’ico abategetsi n'abagwanyi b’uwo muhari bazoba. Ivyo bibazo vyose umuhari Palipehutu-FNL ubitura umuhuza n'amakungu.

XS
SM
MD
LG