Uko wahagera

Umuyobozi wa Radiyo Isanganiro mw'Ibohero Rikuru ry'i Bujumbura.


Mathias Manirakiza yajanywe mw'ibohero rikuru ry'i Bujumbura kur'uyu wa gatatu 29
Munyonyo 2006 inyuma y'amasaha ashika atatu yishura ku bibazo vy'umucamanza Pierre Claver Ndikukira mu nyubakwa yitiriwe ubutungane.

Ibibazo vyose vyari vyerekeye inkuru yashikirijwe kw'igenekerezo rya 28 Myandagaro 2006. Iyo nkuru yavuga ko hariho akagwi k'abapolisi kariko gategura gutera ku kirimba kwa Perezida no ku nyubakwa y'umushingamateka Hussein Radjabu mu ntumbero yo kwemeza k'umugambi wo gutembagaza inzego wateguwe, gutyo abo vyagira babandanye bapfunzwe.

Abacamanza bavuga ko n'aho iyo nkuru yari kuba yo itarigutegerezwa kuvugwa kuko ngo yotuma umutekano uhungabana.Umushingwamanza wa Mathias avuga kw'atarivyo kuko ngw'iyo nkuru yaravuzwe kandi nta mutekano wahungabanye haraheze amezi atatu.

Icaha cagirizwa umuyobozi wa radiyo Isanganiro gihanwa n'umunyororo uva ku mezi atandatu gushika ku myaka itanu n'ihadabu y'amahera ari hagati y'ibihumbi ijana n'ibihumbi amajana atanu.

Iyo nkuru iriko irakwega imanza yavuzwe ku ma radiyo atatu: radiyo RPA, radiyo Bonesha, na radiyo Isanganiro.

Leta y'i bujumbura gushika ubu ntirashobora gutanga ivyemezo vy'uko umugambi wo gutembagaza inzego wateguwe. Amashirahamwe aharanira agateka ka zinamuntu, imiryango y'abapfungiwe ico caha n'amakungu arafise amakenga kuri ico kibazo.

XS
SM
MD
LG