Uko wahagera

Press review


Mwaramutse ncuti namwe banywanyi ba radio Ijwi rya Amerika, ntibagiye n’abakunzi b’ikiganiro ku migambi ya Demokarasi no gutorera umuti amatati.

Mur’ico kiganiro, uyu musi ngiye kubaganirira kw’ihayanisha ryabaye mu gisagara ca New York, ariko rikaba ryari rishimikiye ku civugo co kugaragaza ububi bw’ikiza ca SIDA n’imigambi yo kugwanya iyo ngwara. Mu misi iheze, abantu baba mu gisagara ca New York, muri leta Zunzubumwe za Amerika, bunguruzwa na Galiyamoshi yo ku gituro citwa Grand Central Terminal, baronse akaryo ko guca mu kibanza c’ihayanisha, catunganijwe k’uburyo gisigaye gisa n’imihana yo muri Afrika

XS
SM
MD
LG