Uko wahagera

Uruhara rw’abagwizatunga bakiri bato mu gikogwa c’ugusubira kwubaka Uburundi:


Mu kiganiro mugenzi wacu Fidele Niyongabo yagiraniye n’umugwizatunga Jean Muvayo aba muri Canada yamara muri iki gihe ariko akorera mu Burundi, yatangajeko hari ibintu vyinshi mu Burundi abagwuzatunga bashobora gufashamwo. Ku barundi baba hanze y’igihugu bafise imigambi y’ugufasha gusubira kunagura igihugu,

Yemenyeshejeko boshimikira ku migambi ijanye n’uburyo bubayabaye abarundi benshi bafise muri iki gihe. Avugako kubera ingwano n’ubukene bihitiye mu Burundi, abantu bafise uburyo buke. Ngo uwariwe wese yoba ashaka kuzana imitahe yiwe mu Burundi canke kuhagirira imirimo y’ubudandaji yokwama yamenye ko ari abarundi bake bafise uburyo buhagije bw’ukwironsa ivyo bifuza.

XS
SM
MD
LG