Uko wahagera

Sahawanya Frodebu Yavuye Muri Leta ya Petero Nkurunziza


Kubera leta ya Petero Nkurunziza itubahiriza agateka ka zina muntu, cane cane n’ukutubahiriza ibwirizwa nshingiro, umugambwe Sahwanya Frodebu wavuye muri leta y’Uburundi.Ivyo bimenyeshwa n’umukuru w’umugambwe Sahwanya Frodebu, Umushingamateka Léonce Ngendakumana.

Umukuru w’umugambwe Sahwanya Frodebu yatangaje yuko bari bihanganye kuva kera ariko ubu bati ibintu vyarenze inkombe. Léonce Ngendakumana atangaza yuko badashobora kubandanya bakorana na leta kandi vyinshi mu biba batabaza uyo mugambwe.

Umugambwe Frodebu wari wizeye yuko uronka ibibanza bitanu, ariko waronse abashikiranganji batatu gusa. Abobashikiranganji uko ari batatu basabwa gutanga imihoho kuruyu w’Imana. Abo na bo ni umushikiranganji ajejwe ibidukikije, Odette Kayitesi, umushikiranganji ajejwe amagara y’abantu, muganga Barnabé Mbonimpa, n’umushikiranganji ajejwe uburimyi n’ubworozi, Elie Buzoya.

Tubibutse yuko leta ya Petero Nkurunziza yashinzwe mu mpera z’ukwezi kwa munani 2005, yarimwo abashikiranganji 20. Imigambwe isigaye muri leta ni MRC Rurenzangemero, Uprona, Inkinzo na Parena ya Jean Baptiste Bagaza.

Umuvugizi w'umugamwe Uprona, umushingamateka Catherine Mabobori, yatumenyesheje ko ataco abivugako, mu gihe umuvugizI wa leta, Karenga Ramadani, amenyesha ko leta avugira izosigura inyuma y'umugambwe CNDD-FDD uri k'ubutegetsi.

XS
SM
MD
LG