Uko wahagera

Umusoda wa ONU i Gitega Arafunzwe Kubera Akaborerwe.


I Gitega, umuji ugira kabiri w'Uburundi hari umusirikare aturuka mu gihugu ca Ethiopiya ari muri bamwe bakorera mu rwego mpuzamakungu ONU yaraye mugasho k’igipolisi aho i Gitega.

Nkuko inkuru ziva mugipolisi zibimenyesha, uwo musirikare yitwa Mamouche Asefa yafatiwe mu nzu isaha zitanu z’ijoro ryo kuwa 15 rishira 16 uku kwezi muri quartier ya Musinzira. Yariko arwana n’abigeme batatu yasanze muri urwo rugo.

Nyen’urugo atashe yasanze wa musoda acibereye ngaho, aho aboneye nyenurugo yaciye atangura gusaba ikigongwe, bene urugo baca baramuboha bamushikana mubapolisi. Abajejwe i gipolisi bahavuye bamushira mu gasho.

Inkuru dukura mu gipolisi zikaba zemeza yuko uyo musoda yari yaborewe. Kuruyu wa kane 16/3/2006 mu gatondo niho ahava abazwa, mugabo ahagarikiwe n'ategetsi ba ONUB i Gitega, nkuko inkuru zegereye igipolisi zabitumenyesheje.

Hirya y’ejo n’aho bagenziwe batandatu bari banyoye inzoga mu kirabo bacanka banka kuziriha, bakaba bagiye gutanga amafaranga ari uko abapolisi babanje kuhashika. Omar Ndaygne, umuvugizi w'abasirikare ba ONU i Burundi, yatumenyesheje yuko rapport itaramushikira y'abo basoda mvamakungu bagiteye isibe mu ntara ya Gitega.

Tubibutse yuko aho i Gitega abasoda bane bava muri Ethiopiya bigeze gufatwa kubera bariko bashurashuza abana bafise imyaka iri munsi ya 18, babiri murabo barirukanywe; aho hari mumwaka uheze.

XS
SM
MD
LG