Uko wahagera

Perezida Nkurunziza Yihanangirije Abagurisha Ibirwanisho n'Abanzi b'Uburundi


Bubaye ubugira kabiri mumezi abiri umukuru w’uburundi agendera abasirikare bari muntara yambere ya gisirikare. Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza, yarasubiye kwibutsa abasirikare b’uburundi yuko bogendera indero, bakavavanura n’ingeso yabamwe bamwe basgaye baja kwibisha inkoho, bagasinzikaza ubuzima bw’ abanyagihugu .

Aho umukuru w’Uburundi yamenyeshejeko umusirikare azofatwa muri ayomabi, azoca akurwa murwego rw’abasirikare b’Uburundi. Vyongeye umukuru w’Uburundi Petero Nkurunziza yaragarutse kubasirikare bagurisha ibirwanisho n’abarwanyi ba FNL Palipehutu ya Agaton Rwassa, umuhari w’intagondwa ukirwana mu Burundi. Uzofatwa kandi muri ubwo buryo igihano si ikindi , azoca yicwa nk’uko igitabo mpanavyaha c’igisirikare c’uburundi kibivuga mungingo yaco ya 34.

Umukuru w’igihugu yaciye atangaza yuko abasirikare bigenjeje neza aribo bazotoramwo abazoja gufasha mumugambi wo gukura ibirwanisho mubanyagihugu.

Tubabwire yuko i Bujumbura , umuji wambere i Burundi , atajoro ryijana utumvise umuntu yibwe n’abasuma bitwaje ibirwanisho.

Abasirikare barabajije umukuru w’uburundi ibibazo bitari bike ; ahanini basavye yuko yobadugiriza agashahara kuko arigato cane. Umukuru w’igihugu yishuye yuko abasanzwe bafasha Uburundi batokwemera yuko imishahara ica iduga buno nyene.

Inkuru ziva mugisoda c’uburundi zitubwira yuko umusirikare muto ahembwa ukwezi guheze , amahera angana n’ibihumbi 14 vy’amahera y’Amarundi(14.000 frbu), ayo ni nk’amadollari y’abanyamerika 14 ! Umusirikare wohejuru ,
agahehembwa amahera arenga gato ibihumbi ijana vy’amafranga y’Amarundi , ni ukuvuga amadolari y’Abanyamerika arenga gato ijana 100!

Imbere yuko Umukuru w’Uburundi ahereza akanya abaserukiye abandi mugisodayaratembereye ikambi bita ikambi ya Muha, ikambi ishaje kuko yubatswe mugihe Uburundi bwari bukiri mugikoloni c’Ababirigi. Iyokambi yitwa murico gihe ikambi Bauduin, umwami w’Ababirigi. Umukuru w’igihugu ariko aragendera iyokambi , mubiro abategetsi
b’ikambi bakoreramwo, yasanze hari amamashini yakera yokwandika, abamwegereye bakaba bumvise umukuru w’Uburundi atangara kubona atamashini igezweho bita ordinateri iri muri iyo kambi.

Tubamenyesheko intara za gisirikare i Burundi ari zitanu(5). Intara yambere yaraye igendewe n’umukuru w’igihugu ikaba igizwe n’intara za Bubanza , Cibitoke , Bujumbura rural , na Bujumbura Mairie.

XS
SM
MD
LG