Uko wahagera

Uwungirije Umunyamabanga Mukuru wa ONU, Louise Frechette, Yasuye Uburundi


Icegera c’umunyamabanga mukuru wa ONU kuva ku musi wa gatatu yaragendeye Uburundi mu kiringo c’imisi ibiri. Aho ashikiye ku kibuga c’indege ca Bujumbura, umupfasoni Louise Frechette yamenyesheje icese ko urwo rugendo ruhambaye kw’ishirahamwe ONU.

Igikuru camuzanye, nkuko yabimenyesheje, ni uguhimiriza abakozi b’ishirahamwe ONU mu Burundi, ku bijanye n’umugambi w’umunyamabanga mukuru wa ONU, Kofi Annan, ujanye n’uko ata kigongwe na gito kizohaba mu guhana abagiriwe n’icaha co gukorera ivya mfurambi abantu.

Urwo rugendo rujanye n’urwo yari amaze imisi agira, nko mu bihugu bitatu vya Africa yo mu burengerazuba ahari abakozi baryo, hamwe no muri Kosovo.Ku kirangamisi ciwe i Bujumbura, ategerezwa kubonana n’umukuru w’igihugu Domitien Ndayizeye.

Umupfasoni Frechette yamanyesheje ko ishirahamwe ONU riserukirwa mu Burundi na Carolyn Mac Askie rirangura akazi karyo bishimishije riri kumwe n’abategetsi b’Uburundi hamwe n’abanyagihugu bose. Akaba ivyo yabimenyesheje yishimikije amatora ariko araba mu gihugu.

XS
SM
MD
LG