Prezida wa Kongo Félix Tshisekedi yarahiye ararengwa ko atageza gukorana ibiganiro vy’amahoro n’umurwi wa M23, urwanya ubutegetsi bw’igihugu ciwe.
Mu birori vyo kwipfuriza umwaka mwiza abadiplomate baserukira impande zitandukanye muri Kongo vyabaye kuri uno wa gatandatu, Tshisekedi yagize ati: “ Kuganira n’umurwi w’iterabwoba wa M23, ni umurongo utukura tutazopfa turenze. Kutwumvisha ko ari ngombwa gukora ibiganiro n’umurwi w’iterabwoba wa M23, bisa nko kudusaba kwemeza ko ibikorwa bihonyanga amategeko yacu n’ivyo dufata nka kirazira, ari ibisanzwe cane.”
Mw’ijambo ryiwe, Prezida Tshisekedi yabandanije agira ati: “ Ntituzokwigera twemera gufukamira abatwotsa igitutu bo hanze, kugira twanke dukunde, twemere ivyo badusaba binyuranye n’inyungu z’igihugu cacu, zirimwo ubwigenge bwaco.”
Prezida Tshisekedi, yavuze yamara ko igihugu ciwe gifise ishaka ryo kuguma mu masezerano ya Luanda, agamije kugarukana amahoro muri Kongo, n’icuka c’iza hagati y’u Rwanda na Kongo, ibihugu vyitana ba mwana mu ntambara yo muri Kongo.
Forum