Ubukene bw’ ubwiherero rusangi mu gisagara ca Bujumbura mu bibanza bihurirwamwo n’abantu benshi ni kimwe mu ntandaro y’isuku rike riharangwa.
Bivugwa mu gihe igikorwa co gukora isuku muri ico gisagara catangujwe n’umukuru w’igihugu mu ndwi iheze kibandanya mu bice vyose bigize igisagara.
Yamara naho biri uko abakunzi b’Ijwi ry’Amerika bahaba, bavuga ko kuba ata tuzu twa sugumwe umunyagihugu agendera ico gisagara ashobora kwifashisha mu gihe akeneye kwiherera, bigoye ko iryo suku rishikwako.
Bavuga ko kuba ari igisagara kigendwa ntibaronke aho bifashisha bituma hari ibibanza usanga vyarasivye kuko ata kundi bobigenza.
Banavuga ko bigoye kwinjira mu muhana w’umuntu atakuzi kugira ngo agutize ubwiherero muri kino gihe.
Abo banyagihugu basaba Reta gukorana n’abakurikiranira hafi ibijanye n’isuku mu kubaronsa utwo tuzu twa sugumwe kugira ngo isuku rishware mu gisagara kugira ntihagire uwuja ukwitabarira aho ageze hose.
Ijwi ry’Amerika ryavuganye kandi n’abakurikiranira hafi umusi ku wundi ibibera mu gisagara ca Bujumbura no hirya no hino mu gihugu, na bo ntibaja kure y’ivyo abo banyagihugu bavuga.
Nduwimana Jean, umuvugizi wa OLUCOME, avuga ko ata bwiherero rusangi burangwa mu gisagara. Asigura ko n’abari bahawe isoko ryo kubwubaka bariye amafaranga y’ubusa.
Uyo avuga kandi ko hari n’amazu y’uburiro ndetse n’ubunywero atagira utuzu twa sugumwe ngaho mu gisagara ca Bujumbura. Avuga ko Reta ikwiye gukurikiranira hafi vuba mu rwego rwo gukomeza isuku mu bisagara.
Ijwi ry’Amerika ryagerageje kurondera abarongoye igisagara ca Bujumbura, ndetse n’abajejwe isuku n’isukura, ntiryabaronka kugira ngo batubwire igikiye gukorwa kuri ico kibazo.
Forum