Uko wahagera

HRW: Imirwi Ikorana na Al-Qaida Yarakoze Ubwicanyi bw'Agahomeramunwa muri Mali


MALI-MERCENARIOS RUSOS
MALI-MERCENARIOS RUSOS

Umurwi w’intagondwa hamwe n’iyindi mirwi igendera ku moko yarakoze ubwicanyi bw’agahomerabunwa mu gihugu ca Mali.

Ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu, Human Rights Watch, rivuga ko ari ivyo mu ngwano, vyaratumye abanyagihugu ibihumbi n’ibihumbi bata ingo zabo.

Raporo yatohojwe n’iryo shirahahamwe ivuga ko uyo murwi ukorana na al-Qaida, uzwi kw’izina JNIM, wishe abantu 32 barimwo abana, mu gitero wakoze kw’itariki ya 27 y’ukwezi kwa mbere, ku bisagara vya Ogota na Ouembe. Ico gihe, uyo murwi waraturiye amazu arenga 350, nk’uko abanyagihugu bo muri ivyo bisagara bavyivugira.

Iyo raporo yarashize ahabona kandi igitero c’umurwi wisunze ubwoko, cagandaguye abantu 13 mu bindi bisagara bibiri vyo mu gihugu hagati. Ico gihe uyo murwi waragize imbohe kandi abasivile 24.

Umushakashatsi akorera ishirahamwe Human Rights Watch, Ilaria Allegrozi, avuga ko imirwi ya kiyislamu hamwe n’imirwi igendera ku ivangura ry’amoko muri Mali, yama yateye abasivile. Asaba abategetsi ba reta ya Mali gukora ibishobotse vyose kugira ngo bahagarike ubwo bwicanyi bongera bakingire abasivile.

Forum

XS
SM
MD
LG