Uko wahagera

Reta ya Kenya n'Abaganga Barumvikanye ku Masezerano Mashasha y'Akazi


Reya ya Kenya n'abaganga, kuri uyu wa gatatu, bateye igikumu ku masezerano yo guhagarika kugarariza akazi kwari kwaratanguye mu kwezi kwa gatatu.

Umushikiranganji ajejwe amagara y’abantu muri Kenya, Susan Nakhumicha, yatangaje ko impande zompi zateye igikumu ku masezerano atuma abaganga bagaruka ku kazi kabo. Amasanamu yerekeye gutera igikumu kuri ayo masezerano hagati y’zo mpande zompi yerekanywe kuri televiziyo ya Kenya, NTV.

Ishirahamwe ry’abaganga muri Kenya, riserukira abanyanyi barenga 7.000 baragararije akazi kw’itariki 15 y’ukwezi kwa gatatu. Mu vyo ryasaba harimwo asaba ko barihwa ibirarirane vy’imishahara yabo. Abaganga basaba kandi ko bahabwa ubwishingizi bukwirikiye n’imiryango yabo. Bashaka kandi ko reta itorera inyishu ikibazo c’imishahara itebeshwa kenshi.

Abaganga bo mu bitaro vya reta muri Kenya bari bagararije akazi kuva mu kwezi kwa gatatu bari bahuriye mu bisagara 2 bikomeye vyo muri Kenya, kw’itariki ya 2 y’ukwezi kwa kane, kugira baganire ku vyo basaba reta.

Abaganga bari bagize imyiyerekano itari mike mu mabarabara yo ku murwa mukuru wa Kenya, Nairobi no mu bindi bisagara bikomeye kuva batanguye kugarariza akazi. Ukugarariza akazi kwari kwabaye imbere y’aho mu mwaka w’i 2017 kwari kwamaze amezi atatu. (Reuters)

Forum

XS
SM
MD
LG