Uko wahagera

Amerika Yarahagaritse Ibigwanisho Yahaga Isirayeri


Biden
Biden

Amerika yafashe iyo ngingo mu ndwi iheze kubera amakenga ko Isirayeri ifise umugambi wa vuba wo gutera ico gisagara naho reta ya Amerika, yari yahanuye kutagikora. Iyi nkuru yatangajwe n’umutegetsi wo muri reta ya Amerika.

Ibigwanisho Amerika yari yategekanije kurungika muri Isirayeri, birimwo ibibombe bingana n’ibiro 900 hanwe n’ibindi bifise ibiro 225. Amakenga ya Amerika ahagaze ku kuntu bitoroshe gukoresha ibibombe binini binini nk’ivyo mu gisagara kigwiriyemwo abantu benshi, bitahitanye ubuzima bw’abasivile.

Abanyagihugu barenga umuliyoni barakoranirijwe muri ico gisagara inyuma y’aho bakuriwe mu bindi bice vy’intara ya Gaza kubera ingwano hagati ya Isirayeri na Hamas. Iyo ngwano yatanguye igihe umurwi Hamas wakora igitero cihaye inkumbi muri Isirayeri kw’igenekerezo ry’indwi mu kwezi kwa cumi.

Reta ya Amerika, kuva kera na rindi, yamye iha ibigwanisho igihugu ca Isirayeri. Ivyo bigwanisho vyarongerejwe kuva Hamas ikoze igitero cahitanee ubuzima bw’abantu 1200 muri Isirayeri, ikongera ikanyuruza abandi 250.

Forum

XS
SM
MD
LG